Archives pour l'étiquette inzego

Burundi : Ijambo rya Nyenicubahiro umukuru w’igihugu ashikirije Abarundi n’amakungu inyuma y’aho akarwi k’abasirikare n’abapolisi bashakiye gusenyura inzego z’igihugu bikabata k’uwamazi

Barundi, Barundikazi,

Ncuti z’U-Burundi,

  1. Tubanje gushimira IMANA Mushoboravyose yaduhaye Igihugu ciza c’U-Burundi, gitemba amata n’ubuki. Nihabwe icubahiro.
  2. Kuri uno musi uri hejuru, twagira dushimire bimwe bivuye ku mutima inzego z’igihugu z’ukwivuna abansi no gucungera umutekano ku bwira n’ubukerebutsi zaraye zerekanye mu guhagarika umugambi ugayitse wo gutembagaza inzego zitorewe n’abenegihugu.
  3. Iyo migumuko imaze imisi nta kindi yazanye mu gihugu cacu atari amarira n’amaganya mu miryango, igihombo ku gihugu, na cane cane mu gisagara ca Bujumbura, ari na ho ako kaguma katanguriye mu duce tumwe tumwe turi ku rushi.
  4. Abarundi barayamaze bati : « Uwutema urwiwe bamutiza umuhoro ». Abo bahanuwe nabi nibirimbure bamenye ko U-Burundi n’Abarundi twamaze gutera intambwe iboneka ya demokarasi, kandi ko tutazigera twihanganira uwo wese azogerageza kuyisubiza inyuma.
  5. Biragaragara kandi ko iyo migumuko yatanguye gutegurwa kuva kera, kuva mu mwaka uheze, eka n’imbere yaho. Intumbero yayo kwari ugushaka gusenyura inzego zirongoye igihugu zitorewe n’abenegihugu.
  6. Turateye ivyatsi rero kandi turiyamirije abo bose bashaka gusubiza igihugu mw’ihumbi, mu kugarukana intwaro z’igikenye babanje kuburabuza demokarasi.

Barundi, Barundikazi,

Ncuti z’U-Burundi,

Continuer la lecture de Burundi : Ijambo rya Nyenicubahiro umukuru w’igihugu ashikirije Abarundi n’amakungu inyuma y’aho akarwi k’abasirikare n’abapolisi bashakiye gusenyura inzego z’igihugu bikabata k’uwamazi

Kuki ingoma ya Habyalimana itabajije abakoresha b’Abatwa balindaga imilima y’urumogi ? Kuki Leta ya Habyalimana n’inzego zayo (S.C.R., Igisilikare, Gendarmerie n’izindi) batabajije abali abakoresha b’agakipe k’abasivili balindaga imilima y’urumogi muli Nyungwe bitwaje imbunda za lienfild nkuko byatangajwe n’umwe mu basilikare boherejweyo kurandura urumogi ?

Byanditswe na Mugema kuwa 03 mata 2015.

Gufungura inyandiko nyilizina ni ugukanda kuli iyi mbikisho :

LETA YA HABYALIMANA NTIYAKOZE IPEREREZA KU RUMOGI KUBERA IKI